BioNTech Ivuga ko Hazoboneka Ubwoko Bushasha bwa Corona

Bamwe mu bategetsi ba Afurika bahora mu nama mu Budagi na sosiyete ya BioNTech

Umuyobozi mukuru w'isosiyete ikora incanco y'Ubudagi BioNTech, Dogiteri Ugun Sahin, amenyesha ko amakungu yiteguriye neza kurushiriza guhangana n'ubwoko bw'ikiza ca Covid-19 buzokwiyadukiza muri kazoza.

Uwo muyobozi Sahin avuga ko bategerezwa kumenyera ko bazotegerezwa kubana n’umugera wa Covidd-19 mu kiringo c’imyaka yimirije. Amenyesha ko mu gihe gukwiragira kw’ubwoko bw’umugera wa Covid-19 bwa Omicron gusa n’ukuriko kuragabanuka ku mugabane w’Ubulaya, ubwo atari bwo bwoko bwa nyuma buzoba bwibonekeje.

Amenyesha ko ata nkeka ko ubundi bwoko bushasha bw’umugera wa Covid-19 buzokwiyadukiza kubera uwo mugera uzobandanya uhindagurika kurushiriza mu bishobora kuzotuma ibitigiri vy’abandura bisubira kwiyongera.

Yamara Dogiteri Sahin, avuga ko bumva neza kurushiriza muri iki gihe uburyo bashobora guhangana n’ikiza ca Covid-19. Amenyesha ko baguma bamenya ibindi bishasha kandi ko biteguye kurushiriza.

Isosiyete BioNTech ryagurishije incanco zayo zirenga umuriyaridi zari zigenewe kwikingira ubwoko bwo mu ntango bw’umugera wa Corona, ririko rikora incanco zigenewe kwikingira ubwoko bwa Omicron ubwabwo bwonyene.

Bitegekanijwe ko izo ncanco zigenewe ubwoko bwa Omicron bwonyene zigeragezwa ubwa mbere mu kwezi kwa gatatu. Incanco za mbere z’ukwikingira ubwo bwoko zishobora gutangwa mu kwezi kwa mbere canke kwa gatanu hamwe vyokenerwa.