Brezile: Abishwe n'Imyuzure y'Imvura Bashitse kuri 78

Abatabara bariko barakura ibiziga mu vyondo mu gisagara ca Petropolis, Brezile, kw'itariki ya 16/02/2022.

Abatabara hamwe n’abategetsi bo mu gisagara ca Petropolis muri Brezile bavuga ko abamaze kumenyekana ko bishwe n’imisozi yasenyuwe n’imvura baduze gushika kuri 78.

Umukuru w’ico gisagara, Rubens Bomtempo yavuze ko iki gitigiri gishobora kwiyongera mu gihe abatabara hamwe n’abakorerabushake bakibandanya barondera abandi mu bibomoke. Abategetsi bavuga ko abantu 21 batowe bakiri bazima.

Igisagara ca Petropolis, kiri ku birometero 68 mu buraruko bw’umurwa mukuru Rio de Janeiro. Caguyemwo imvura nyinshi ku musi wa kabiri aho amabarabara yahindutse inzuzi.

Iyi mvura yarasenyuye amazu yari yubatse ku misozi kandi n’imodokari ziratwarwa. Abategetsi bavuga kandi ko amazu 80 yasambutse.

@Associated Press, Reuters, AFP.