OMS Ivuga ko Abanduye Corona kw'Isi Bagabanutse

Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, ryatangaje kw’igitigiri c’abandura umugera wa Covid-19 kw’isi hose cagabanutse incuro 19%, kandi ko n’impfu zagabanutse.

OMS yatangaje iyo nkuru ejo ku musi wa kabiri muri raporo yayo kuri ico kiza. Iyo raporo ivuga ko mu ndwi iheze kw’isi hose, abantu barenga imiliyoni 16 ari bo banduye umugera wa Covid-19, mu gihe igitigiri c’impfu muri iki kiringo cababa ibihumbi 75.

Umugabane wa Pasifike yo mu buraruko ni wo wonyene ufise ibitigiri vyiyongeye vy’abandura uyo mugera ku ndwi; ni ukuvuga kw’ico gitigiri ciyongeye incuro 19% kuri uyo mugabane.

Umugabane wa Aziya yo mu bumanuko bushira ubuseruko waratangaje kw’igitiri c’abandura uyo mugera cagabanutse incuro 37%. Ico ni co gitigiri kinini kw’isi hose c’aho, uyo mugera wagabanutse.

Ku mugabane wo mu buseruko bwo hagati, igitigiri c’abandura umugera wa Covid 19 cariyongeye incuro 38%. Yamara aho ico gitigiri ciyongeye cane ni mu Burusiya. Muri ico gihugu hamwe no mu bihugu vyo Bulaya yo mu buseruko, igitigiri c’abanduye uyo mugera carikuvye incuro zibiri, bivuye ku bwoko bushasha bw’uyo mugera, Omicron,

OMS yavuze ko ubundi bwoko bwose bw’umugera wa Corona burimwo alpha, beta na delta, bubandanya kugabanuka kw’isi hose.