RDC: Igisirikare Cemeje ko Cishe Abarwanyi ba M23 Bashika 11

Abasirikare ba FARDC bariko bakizura mu misozi y'i Mbuzi, hafi ya Rutshuru

Igisirikare ca Repubulika ya demokarasi ya Kongo carishe abaroberi bashika kuri 11 b’umuhari M23, inyuma y’imirwano yabereye mw’ishamba ratiro rya Virunga. Ibi vyavuzwe n’umukomanda w’inteko za reta muri ako karere, kuri uyu w’Imana.

Abasirikare bishe abo baroberi mu mutego babateze ku musi wa gatanu, inyuma y’imisi ine hari amakuru yo muri ako karere yavuze ko hari igitero cabaye cahitanye abashika 30.

Colonel Honore Rindugu, komanda w’ikambi y’igisirikare ca RDC iri ku rubibe ico gihugu gihana n’u Rwanda na Uganda, yavuze ko abaroberi bapfiriye muri ico gitero bashobora kuba barenga ico gitigiri. Rindugu yavuze kandi ko igisirikare cumvirije mw’ibanga itumatumanako ry’umwansi, aho M23 ngo yavuga ko hari abarwanyi bayo hafi 30 baburiwe irengero.

Uyu mutego ukurikiye igitero simusiga cakozwe na M23 mw’ijoro ryo ku musi wa mbere i Nyesisi, mu ntara ya Kivu y’uburaruko hafi y’ishamba rya Virunga, ku birometero 50 uva ku murwa mukuru w’iyo ntara Goma.

Abakozi b’ishirahamwe ritabara imbabare Croix Rouge muri ako karere bavuze ko abasirikare hafi 32 bapfiriye muri ico gitero. Reta yo yavuze ko hapfuye abatari bake barimwo n’umusirikare w’ipete rya colonel.

M23 ni umwe mu mihari 120 yitwaje ibirwanisho igisibije mu buseruko bwa Republika ya demokarasi ya Kongo, aho izo ntambara zimaze imyaka irenga 20.

@AFP