Abantu baharurwa mu bihumbi bakoze imyiyerekano i Washington DC, ku murwa mukuru wa Reta zunze ubumwe za Amerika no mu bindi bisagara kuri uyu w’Imana. Bavuga ko banse amategeko ya reta ya perezida Joe Biden ku kwambara udupfukamunwa no guterwa incanco za COVID-19.
Bari bitwaje ivyandiko bivuga ko “Hakwiye gushirwa imbere urukundo mu gishingo c’amategeko, kandi ibihano bidakwiye gushirwa imbere.”
COVID-19 imaze kwica abarenga 860.000 muri Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’abarenga imiriyoni 5.5 kw’isi nzima, mu myaka ibiri iki kiza kimaze giteye.
Kw’itariki ya 13 z’uku kwezi kwa mbere, sentare ntahinyuzwa ya Amerika yarahagaritse itegeko rya Perezida Joe Biden ryategeka amashirahamwe akoresha abakozi barenga 100 gucandarwa canke kwama bapimwa buri ndwi mu gihe banse guterwa incanco za Covid-19.
Kwambara udupfukamunwa biracacanishamwo abanyamerika. Perezida Biden, wo mu mugambwe w’abademokrate, mu misi iheze yasavye abanyamerika kwambara udupfukamunwa yongera avuga ko ica gatatu c’abanyamerika batarigera babikora. Amareta atwarwa na ba buramatari b’abarepublikani nta mategeko nk’ayo bashizeho, mu gihe amwe mu mareta atwarwa n’abademokrate nka Californiya yongeye gutegeka abahurira mu mazu yugaye kutwambara.
@VOA