USA Yafashe Rodolphe Jaar Akekwa mu Bishwe Perezida wa Haiti

Rodolphe Jaar umugwizatunga w'umunyaHayiti akekwa kugira uruhara mw'iyicwa rya Jovenel Moise.

Umunya Haiti yari asanzwe aronderwa mu rupfu rwa Perezida Jovenel Moise yarafatiwe i Miami muri reta ya Florida, mu bumanuko bwa Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa gatatu. Ibi vyatangajwe n’ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe ubutungane.

Rodolphe Jaar abaye uwugira kabiri agiye gukurikiranwa n’ubutungane bwa Amerika ku rupfu rwa Perezida Jovenel Moise rwabaye mu kwezi kw’indwi umwaka uheze. Akurikiye umusirikare wa Colombiya yakukurutse yegetsweko ico caha co kugira uruhara muri urwo rupfu kw’itariki ya 4 y’ukwezi kwa mbere.

Jaar yahunze Haiti inyuma y’igitero ku kirimba ca perezida aca afatirwa mu gihugu kibanyi Republika Dominikani kw’itariki indwi y’ukwezi kwa mbere, neza na neza inyuma y’amezi atandatu nyakwigendera Moise agandaguwe.