Abanyesudani Batangaje Imisi Ibiri yo Kugarariza Ubutegetsi

Abanyesudani mu myiyerekano i Khartoum

Abanyesudani kuri uyu wa kabiri bugaye amaduka bongera barazibira amabarabara bakoresheje amapine y’imodokari baturiye hamwe n’amabuye. Bavuga ko bashavujwe n’ababo bashika ku ndwi bishwe barashwe n’abasirikare mu myiyerekano yo ku musi wa mbere. Iyi myiyerekano ni yo yapfuyemwo abantu benshi ku musi umwe kuva iyo myiyerekano yiyamiriza kuteka y’abasirikare itangura.

Umunyagihugu, Omar Eissa, yabonye ivyabaye kuri uyu wa kabiri, yavuze ko abakora imyiyerekano baririmba bavuga ko badakeneye ubutegetsi bw’abasirikare, kandi ko ata muntu akwiye kwicwa ari mu myiyerekano iba mu mahoro.

Iyi myiyerekano yiyongera mu gihe Reta zunze ubumwe za Amerika iriko iriruka n’umwanya kugira habe umwumvikano ushika ku guhagarika uru ruhagarara rwa poritike muri Sudani. Abadipolomate ba Amerika bitezwe muri iyi ndwi ku murwa mukuru Khartoum mu biganiro n’abegwa n’ibi bibazo.

Umuhari w’abanyesudani baharanira ubwigenge hamwe n’impinduka, bahamagariye abayoboke babo mu misi ibiri bavuga ko ari iyo kugarariza ubutegetsi yatanguye kuri uyu wa kabiri gushika kuri uyu wa gatatu.

@VOA