Abashakashatsi b'Abafaransa Batoye Ubwoko Bushasha bwa Covid-19

Umuforoma akurikirana umurwayi wa COVID-19 mu bitaro vya Timone i Marseille, mu bumanuko bw'Ubufarasna, kw'itariki 31/12/2021

Abashakashatsi mu Bufaransa bavuga ko batoye ubwoko bushasha bwa Covid-19 bwihindagura kenshi, mu gihe isi ikiriko irarwana n’ubwoko bwa Omicron bwandukira ku murindi munini.

Abahinga bo mu ntara ya Marseille bavuze ko ubwo bwoko bwatowe ku barwayi 12 baba hafi y’iyi ntara mu kwezi kwa cumi na kabiri. Uwa mbere yapimwe ko yabwanduye inyuma y’urugendo yagize muri Kameruni.

Abo bahinga b’Abafaransa bavuze ko basanze ubwo bwoko bwihindagura incuro 46, ku buryo bibaza ko ata rucanco ruzobutururuza kandi bwandukira cane kuruta imigera ya mbere.

Ni mu gihe ubwoko bwa Covid-19 bwa omicron bukibandanya kwandukira ku bwinshi abantu mu bisagara n’ibihugu kw’isi, bituma amavuriro arengerwa. Muri Reta zunze ubumwe za Amerika, omicron yagize ibice 95.4 kw’ijana vy’abanduye mu gihugu cose ku musi wa gatandatu, nkuko vyavuzwe n’ikigo kigenzura no gukinga ingwara, CDC. (AP, Reuters, AFP).