Ibibazo vy’ubutungane nivyo vyiganje mu kiganiro caremeshejwe na Evariste Ndayishimiye umukuru w’igihugu c’Uburundi ku bamenyeshamakuru n’abanyagihugu imbona nkubone ku kibuga citiriwe Intwari mu gisagara ca Bujumbura.
Abanyagihugu bafashe ijambo berekanye ko barenganywa n’abobatunganirije. Perezida Ndayishimiye akaba yemeye ko ibibazo vy’ubutungane bigiye kuza biratorerwa umuti bidatevye kugira ntibitere ibibazo mu kibano.
Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika akorera mu Rwanda Désiré Hatungimana, yakurikiranye iki kiganiro adutegurira iyi nkuru.
Your browser doesn’t support HTML5