RDC: Abasivile 12 n'Abarobeli 38 Barishwe mu Mirwano muri Beni

Umusirikare wa RDC mu ruhigi rw'aba Mai Mai muri Parike ya Virunga

Abasivile cumi na babiri hamwe n’abarobeli 38 barishwe mu misi ine y’imirwano mu buraruko bushira ubuseruko bwa Republika ya demokarasi ya Congo. Ni mu gihe abasirikare ba reta bari mu ruhigi rw’abarwanyi bakunze kwica abanyagihugu. Ibi vyavuzwe n’igisirikare hamwe n’amakuru yo muri ako karere kuri uyu wa mbere.

Uku gutana mu mitwe kwabereye mu ntara ya Ituri, aho igisirikare kiriko kirarwanya umuhari w’iterabwoba wa ADF hamwe n’abarwanyi bitwaje ibirwanisho bo mu muhari CODECO.

Ku musi wa kane, abasivile icenda baragandaguwe urw’agashinyaguro na ADF mu gice ca Mambembe, mu gitero cabaye ku musi wa gatandatu, nkuko vyavuzwe n’umukuru w’ako gace, Janvier Musoki Kinyongo.

Mu kindi gice ca Ituri, abasirikare barishe abarwanyi indwi ba ADF bongera bafatamwo umwe mu gitero bagavye mu bumanuko bwa Bunia, umurwa mukuru w’iyi ntara, nkuko vyavuzwe n’umuvugizi w’igisirikare, Jules Ngongo.

Ku musi wa gatandatu, igitero c’umwiyahuzi ku nzu y’uburiro i Beni, mu ntara ya kivu y’uburaruko cahitanye abantu indwi.

Kivu y’uburaruko yabaye ikirimbiro ry’abarwanyi ba ADF, aho ibitero vyabo bimaze guhitana abantu bashika 6000 kuva mu 2013, nkuko bivugwa na Ekleziya Katolika muri Congo. (AFP)