Igisirikare ca Mozambike Cemeza ko Cishe Abarobeli 10

Abasirikare ba Mizambike imbere ye Perezida Filipe Nyusi na perezida w'u Rwanda Paul Kagamei Pemba, mu ntara ya Cabo Delgado, ya Mozambike.

Abasirikare ba Mozambike bafatanije n’inteko z’ibihugu vyo mu karere barateye ikambi y’abarobeli iri mu buraruko bw’igihugu mu mpera z’indwi iheze bicamwo 10. Ibi vyavuzwe na Cristovao Chume, umushikiranganji wo kwivuna abansi muri Mozambike.

Haruhande y’aya makuru, igisirikare ca Afrika y’epfo cavuze kuri uyu wa kabiri ko umwe mu nteko zaco yiciwe mu mutego watezwe mw’ibarabara mu gihe c’ico gitero.

Iki gitero co ku musi w’Imana, cakurikiye ibindi vyabaye mu ndwi zibiri ziheze, vyakozwe n’abajihadiste mu mihana yo muri komine ya Macomia mu ntara ya Cabo Delgado, igwiriyemwo umwuka wa Gaze. Ako karere kari mu bitero vy’iterabwoba kuva mu 2017, ahamaze gupfa abantu bashika 3.500 n’abarenga 800.000 bataye ingo zabo.

Perezida wa Mozambike, Filipe Nyusi yavuze mu ndwi iheze ko ibitero vy’iterabwoba vyagabanutse mu gihugu ciwe uyu mwaka ugereranije n’umwaka w’imbere. Avuga ko ari inyuma y’aho u Rwanda n’ibihugu bibanyi bifashirije muri urwo rugamba.