OIM: Abimukira Bashika 160 Barapfiriye mu Mazi mu Ndwi Iheze

Abimukira mu bwato ku nkengera za Libiya inyuma yo gufatwa n'abaporisi mw'ibahari Mediterane i Garaboli muri Libiya, kw'itariki ya 18/10/2021

Abimukira bashika 160 barapfuye ku nkengera za Libiya inyuma y’aho ubwato barimwo buzamiye mw’ibahari Mediterane mu ndwi iheze. Ibi vyavuzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi n’abimukira, OIM, kuri uyu wa kabiri.

Umuvugizi w’ico kigo ca ONU gifise icicaro i Geneve mu Busuwisi, Safa Msehli, avuga ko abimukira hafi 1.500 ari bo bamaze gupfira mu mazi muri iyo nzira aho uyu mwaka ugeze ubu. OIM ivuga ko abimukira 466 batabawe muri ayo mazi basubizwa muri Libiya hagati y’amatariki ya 12 na 18 ukwezi kwa cumi na kabiri.

Ahandi abimukira batabawe ni muri Maroke, aho ibimenyeshamakuru vya reta vyavuze ko abashika 352 batabawe mu mabahari Mediterane na Atlantike mu misi ine iheze.

Igiporisi muri Maroke cavuze ku musi wa mbere ko muri uyu mwaka cahagaritse abimukira barenga 12.200 batagira ibibaranga congera gisambura imigwi 150 y’abakora urudandazwa rw’abimukira.