Abarwanyi b’abajihadiste barenga 100 barishwe n’ibitero vy’indege z’igisirikare ca Nijeriya mu ndwi iheze, nkuko amakuru ava mu bajejwe umutekano hamwe n’abanyagihugu yabivuze kuri uyu wa kabiri.
Indege z’intambara za Nijeriya zarateye ikambi zitatu z’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu mu karere ko muri Afrika y’uburengero, (ISWAP) ziri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya kuwa mbere w’indwi iheze, nkuko ayo makuru abivuga.
Amakuru ava mw’iperereza rya Nijeriya muri iyo ntara yavuze ko bigoye gutanga igitigiri nyezina c’abapfuye ariko ko abarwanyi barenga 100 bishwe. Ayo makuru avuga kandi ko banyaze umwansi imodokari 20 kandi ko n'izindi zose zisigaye hamwe n’ibikoho bikomakomeye vyasambuwe n’indege.