Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Joe Biden yagendeye reta ya Kentucky kuri uyu wa gatatu kugira yibonere imbona nkubonye ivyononywe n’igihuhusi cahitanye abashika 74 n’ibihumbi bataye ingo zabo.
Biden yabwiwe mu ncamake utwigoro turiko turakorwa kugira ubuzima busubire uko bwahoze mbere, inyuma y’aho ico gihuhusi gikubitiye reta ya Kentucky hamwe n’ayandi mareta vyegeranye ku musi wa gatanu n’uwa gatandatu.
Yashitse mu bisagara vya Mayfield na Dawson Springs vyasinzikaye kuruta ibindi aho bisigaye ari nk'ibibuga, amazu yose yaguruwe n’umuyaga.
Perezida Biden yabemereye imfashanyo yihuta izova muri reta, izofasha kwongera kwubaka imihana yasambutse, ibisa no kuzokwubaka ibisagara bishasha.
Buramatari wa Kentucky, Andy Beshear yavuze ku wa kabiri ko abantu barenga 100 bataramenyekana irengero muri iyo reta, benshi muri bo ni abo mu gisagara ca Dawson Springs, agasagara kabamwo abantu badashika 3.000.
Uru rugendo rwa Biden muri Kentucky rugize gatanu akoze mu mezi 11 abaye perezida, kugira yirabire ivyononwa n’ibihuhusi bikunze kuba muri Amerika biterwa ahanini n’ihindagurika ry’ibihe. (Associated Press, Reuters)