Imishamirano Hagati y'Amoko Yahitanye 138 muri Darfur

Isanamu yerekana ibisigarira vy'inyuma y'igitero mu mihana y'i Masteri muri Darfur y'uburengero, Sudani, kw'itariki 25/07/2020

Imishamirano hagati y’amoko mu ntara ya Darfur yahitanye abashika 138 mu ndwi zitatu zirangiye. Abajejwe gutabara abakomerekeye ku rugamba bavuze kuri uyu wa kane ko benshi bishwe no kutitabwaho hamwe n’ubukene bw’imiti.

Iyo mishamirano yatanguye kw’italiki 17 z’ukwezi kwa cumi na kumwe hagati y’abarabu boroye indogoba mu misozi y’i Jebel muri Darfur y’uburengero.

Ku musi wa gatandatu, iyindi mirwano yaradutse mu ntara ya Krink yo muri Darfur y’uburengero hagati y’imirwi idacana uwaka bakoresheje inkoho.

Ishirahamwe ry’abaganga muri Darfur rivuga ko abapfuye muri rusangi bashika 138, barimwo 25 bapfuye ku musi wa gatatu i Jebel Moon, n’106 bakomeretse.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko iyo mishamiraho hagati y’amoko yatumye abantu 22.000 bata ingo zabo, abandi 2000 bahungira muri Cadi.

Intambara hagati y’abenegihugu muri Darfur yatanguye mu 2003 hagati y’abarobeli bo mu bwoko bw’inkehwa, bidoga bavuga ko bakumirwa. Barwana na reta igizwe ahanini n’abarabu, yatwarwa na Omar al-Bashir.

Abantu barenga 300.000 barapfuye abandi imiliyoni 2.5 barahunga, nkuko bishikirizwa na ONU.