USA Yahanye Abategetsi muri Irani, Siriya na Uganda Bahohoteye Ikiremwa Muntu

Inyubakwa y'ubushikiranganji bw'ikigega muri Amerika, i Washington, USA

Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa kabiri yafatiye ibihano bishasha bamwe mu bategetsi ba Irani barenga icumi hamwe n’amashirahamwe. Bagirizwa guhungabanya bikomeye agateka ka muntu.

Ibi bihano vyatangajwe n’ubushikiranganji bw’ikigega hamwe n’ubw’imigenderanire n’amakungu bwa Amerika. Bitumbereye abahohoteye abari mu myiyerekano, abatavugarumwe na reta, hamwe n’amabohero arimwo abanyororo baborezwamwo igufa.

Haruhande ya Irani, Ubushikirangaji bw’ikigega bwashize kandi abategetsi ba Siriya batari bake ku rutonde rwirabura. Na bo bagirizwa guhohotera abanyepolitike hamwe no gukoresha ubumara bwa Gaze mu bitero bagaba ku banyagihugu. Uwundi yahanwe ni umukuru w’iperereza ry’igisirikare ca Uganda. Iperereza arongoye riregwa kuba ryarakubaguye bikomeye abantu ryafashe ribahora ubwenegihugu bwabo hamwe n’imyemerere yabo ya politike.

Ibi bihano bifashwe imbere y’inama kuri Demokarasi izobera i Washington muri iyi ndwi. (AFP)