Reta y’u Rwanda ejo kuw’Imana yarashinze ingingo n’amabwirizwa yo kwubahiriza inyuma y’aho hatangarijwe ubwoko bushasha bwa Covid-19, bwiswe Omicron, bwatowe muri Afrika y’Epfo.
Inama y’abashikiranganji yakoranye kuri uyu w’Imana yategetse ko ingendo z’indege hagati y’u Rwanda n’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubumanuko zihagarikwa.
Ingenzi zinjira n’izisohoka u Rwanda zikoresheje ikibuga c’indege mpuzamakungu c’i Kigali zisabwa kuba zifise icemeza ko bipimishije mu kiringo c’amasaha 72 imbere yuko bahaguruka.
Abinjira mu gihugu bose bategetswe kuzoca bakumirwa mu kibanza ca bonyene mu kiringo c’amasaha 24, mu mahoteli yabigenewe kandi bakazoba ari bo birihira ivyo bazokorerwa vyose.
Ingenzi ziva mu bihugu vyatowemwo ubwo bwoko bushasha bwa Covid-19 canke baheruka gukora ingendo muri vyo bazoca bashirwa mu kibanza ca bonyene kandi birihire serevisi bazokorerwa.
Abantu baja mu birori, mu makoraniro rusangi atandukanye basabwa kuba barikingije kandi baripimishije Covid-19.
Reta y’u Rwanda itegeka ko izindi ngingo zo kwirinda igwirirana rya Covid-19 zari zihasanzwe zizobandanya kwubahirizwa.