Libiya: Umuhungu wa Kadafi, Seif al-Islam Yankiwe Kuzokwitoza Kuba Perezida

Umuhungu wa Kadhafi, Seif al-Islam.

Komisiyo ijejwe amatora muri Libiya kuri uyu wa gatatu yavuze ko yahakanye kandidatire ya Seif al-Islam Kadhafi, umuhungu wa Moamar Kadhafi, yo kwitoreza kuba umukuru w’igihugu, mu matora azoba mu kwezi kuza.

Seif al-Islam asanzwe afise umutahe wa sentare mpuzamakungu mpuzamakungu mpanavyaha ku vyaha vyo mu ntambara. Yiyandikishije kuba umukandida kw’itariki ya 14 y’uku kwezi. Ari mu bandi bakandida 25 dosiye zabo zanswe nkuko iyo komisiyo yabivuze.

Kimisiyo y’amatora yavuze ko yahakanye kandidatire z’abo bakandida yisunze imitahe barungikiwe n’amasentare hamwe n’amakuru kuri bo yatanzwe n’abategetsi mu gisata c’ubutungane.

Seif al-Islam, yaraciriwe kandi urubanza rwo gupfa na sentare y’i Tripoli mu 2017 ku vyaha yagirizwa ko yakoze igihe haba imigumuko yahitanye se wiwe. Ariko mu nyuma yarababariwe na reta ikorera mu buseruko bwa Libiya.

Komisiyo y’amatora muri Libiya yavuze ku musi wa kabiri ko muri rusangi abakandida 98, barimwo abakenyezi babiri, ari bo bari bariyandikishije kwitoza muri ayo matora y’umukuru w’igihugu yo kw’itariki 24 z’ukwezi kwa cumi na kabiri. (VOA)