Ubushikiranganji bwa Reta zunze ubumwe za Amerika bw’imigenderanire n’ayandi makungu kuri uyu wa mbere bwasavye abanyamerika kwirinda gufata ingendo mu Budagi na Danemarke kuko umugera wa Covid-19 wongeye kurandagata ku mugabane wa Buraya.
Ubwo bushikiranganji bwashize iryo gabisha ku rugero rwa kane, n'ukuvuga urugero ruri hejuru cane kuri ivyo bihugu uko ari bibiri.
Kwongera kugwirirana kw’uwo mugera mu Burayi vyatewe no gusugura kwicandagisha mu bihugu bimwe bimwe, igwirirana ry’ubundi bwoko bwa Delta, hamwe n’imbeho yatumye abantu basubira kwiyugaranira mu mazu.
Ubudagi, igihugu gifise abanyagihugu benshi ku mugabane wa Buraya, kimaze kuronka abantu 68 kw’ijana bamaze guhabwa incanco zose zisabwa.
Shanseliye w’Ubudagi, Angela Merkel, yagabishije ko ingingo zafashwe zo kurwanya Covid-19 harimwo kubuza abantu kuja mu bibanza bikoranirwamwo n’abantu benshi zidahagije.