Abantu 4 barapfuye, abandi 40 barakomereka igihe imodoka yaseka abantu bari muri defile ya Noeli mu gisagara ca Waukesha muri Reta ya Wisconsin muri Reta zunze ubumwe za Amerika ku musi w'Imana.
Umukuru w’igipolisi w’igisagara ca Waukesha, Dan Thompson, yabwiye abamenyeshamakuru ko umuntu umwe ari mu mvuto, kandi imodoka yakoze iryo bara yafashwe.
Amasanamu ya videwo yashizwe ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana imodoka y’ibara ritukura igenda n’umuvuduko munini cane yiroha mu bari mu myiyerekano ya Noeli. Umupolisi yararashe kuri iyo modoka mu kigoro k’ukuyigaharika.
Umuvugizi w’ibiro vya prezida wa Amerika, Jen Psaki, yatangaje ko Prezida Biden bamuciriye ku mayange uko ibintu vyagenze. Mu butumwa yashize kuri Twitter uno musi ku wa mbere, Jen Psaki yatangaje ko bifatanije mu mubabaro n’imiryango yabuze ababo n’abanyagihugu bose bo mu gisagara ca Waukesha ku vyabaye ku musi w’Imana.
Mu mwaka w’i 2015, abantu 4 barapfuye, abandi 46 barakomereka mu gisagara ca Stillwater muri Reta ya Oklahoma, igihe umupfasoni yiroha n’imodoka mu bantu bari mu myiyereko yariko yakira umurwi w’abakinyi. (Reuters )