Abanyamerika Basabwa kuva muri Haiti ku Mvo z'Umutekano

Umuporisi wa Haiti ariko arasa ashwiragiza ibigwi vy'abanyagihugu i Port-au-Prince, Haiti, kw'itariki ya 23/10/2021

Reta zunze ubumwe z’Amerika ihanura abanyamerika kuva muri Haiti ku mvo z’umutekano muke uharangwa hamwe n’ubukene burenze bw’igitoro. Ubu bukene bw’igitoro bwagize ingaruka ku bitaro n’amavuriro, ku mashure hamwe n’amabanki.

Iri gabisha ryasohowe n’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’amakungu bwa Amerika, rije mu gihe reta ya Haiti n’igiporisi vyananiwe guhagarika imigwi y’abagizi ba nabi bamaze indwi zitari nke barazibiye ko ibitoro bishikanwa kumasitasiyo.

Gushika kuri uyu wa kane, amasitasiyo atanga ibitoro aracugaye. Ibi vyatumye ibiciro vy’ibifungurwa biduga muri ico gihugu c’imiriyoni 11 z’abantu, aho abarenga 60 kw’ijana bakorera munsi y’amadolari abiri ku musi. Ntibizwi neza igitigiri c’abanyamerika baba muri Haiti.

Hagati aho, abategetsi ba Amerika n’aba Haiti baracakorera hamwe bagerageza kurekuza abamisiyoneri 17 b’abanyamerika banyururijwe muri ico gihugu. (AP)