OMS: Abandura Covid-19 Bongeye Kwiyongera mu Burayi

Abaganga bariko bakurikirana umurwayi wa Covid-19

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, ryashikirije ko akarere ka Buraya kongeye gufata iya mbere mu makungu mu bitigiri vy’abandura bashasha COVID-19 hamwe n’abo ihitana.

OMS ivuga ko ibitigiri vy’abandura bashasha vyaduze gushika ku bice 7 kw’ijana mu ndwi iheze kandi ko n’abapfa biyongereye ku bice 10 kw’ijana. Umugabane wa Afrika ni wo wonyene mu tundi turere OMS ivuga waronse abandura bashasha biyongereye.

Shanseliye w’Ubudagi, Angela Merkel, kuri uyu wa gatatu yatumyeko inama yihuta na ba guverineri b’intara, inyuma y’aho ikigo c’igihugu kijejwe ingwara zandukira, Robert Koch, gitangarije ko abandura Covid-19 ku musi bongeye kwiyongera. Umuvugizi wa reta, Steffen Seibert yavuze ko uwo mugera uriko urarandagata biteye ubwoba kandi ko bikenewe ko haba inyishu yihuta kandi ihurijweko na bose.

Bulgariya, na yo nyene yatangaje ko abantu 334 bishwe na COVID-19 ku musi wa kabiri, kandi ko ari bwo bwa mbere ico gihugu gishikana abantu bangana uko bapfa ku musi kuva uwo mugera utera. Casavye ubumwe bwa Buraya kugifashisha imashini zifasha guhema hamwe n’ibitanda vyo mu bitaro.

Ni mu gihe muri Reta zunze ubumwe za Amerika, ihinguriro ry’imiti, Pfizer, ku musi wa kabiri ryasavye ikigo FDA kijejwe kwemeza imiti n’ibifungurwa kuryemerera ko urucanco rw’inyongera rwa COVID-19 ryakoze ruhabwa uburenganzira bwo guterwa abafise imyaka 18 no kurenga. (AP)