Uburayi Burihutisha Kwemeza Ibinini Bivura Covid-19

Ibinini molnupiravir, vyahinguwe n'ihinguriro Merck, biriko birageragezwa kuvura abanduye Covid-19

Ikigo c’ishirahamwe rya Buraya kijejwe kugenzura no kwemeza imiti, cavuze kuri uyu wa kane ko kigiye kwihutisha kwihweza no gusuzuma ikinini co kunywa co kuvura abanduye Covid-19 cakozwe n’ihinguriro ry’imiti ry’abanyamerika, Merck.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ari ku cicaro c’ico kigo, citwa AEM, Agence Europeene du Medicament, mu gifaransa, i La Laye mu Buholande, Marco Cavaleri, arongoye igisata kijejwe incanco muri ico kigo ntiyatanze ikirangamisi c’aho bategekanya kwemeza ikoreshwa ry’ico kinini, kizwi nka molnupiravir. Yavuze ko ico kigo citeguye kurekurira ibihugu vya Buraya kugira bishobore kuba birakoresha ico kinini ivy’imfatakibanza mu kurindira ko cemezwa kumugaragaro n’ikigo AEM.

Ibi ikigo AEM kibitangaje mu gihe umuyobozi wa OMS ku mugabane wa Buraya nawe yavuze ko umugera wa Covid-19 wongeye kwongerekana kuri uwo mugabane. Mu gatondo ko kuri uyu wa kane kandi, ikigo c’Ubwongereza kijejwe kwemeza ikoreshwa ry’imiti cemeje ko ico kinini gikoreshwa muri ico gihugu.

Muri Reta zunze ubumwe za Amerika, ibigo FDA, kijejwe kwemeza ibifungurwa n’imiti hamwe na CDC, kijejwe kugenzura no gukinga ingwara, bitegekanya kuzokwemeza ikoreshwa ry’ico kinini mu mpera z’uku kwezi kwa cumi na kumwe. (AFP)