Papa Asaba ko Abimukira Batabawe Batosubizwa muri Libiya

Papa Francisiko ariko aratanga imihezagiro i St.Peter's Square, i Vatican, mu kwezi kwa cenda, itariki 5, 2021.

Papa Fransisiko yasavye ko ingendo yo gusubiza inyuma abimukira batabawe mu mabahari bagasubizwa muri Libiya no mu bindi bihugu bidatekanye yohagarara. Papa kuri uyu w’Imana yavuze ko igikwiye kuza ubwa mbere gikwiye kuba kurokora ubuzima bw’abantu muri Mediterane no kubashikana ku musozi. Ubutaliyano na Malta vyaridogewe n’abaharanira agateka ka muntu ko basiga abimukira mu kangaratete ata kibafasha.

Papa Fransisiko yavuze ko yumvise amarira y’ibihumbi vy’abimukira, impunzi hamwe n’abandi bakeneye gukingirwa. Yababajwe nuko amakungu atariko aratora inzira irama yo guhagarika abimukira bafata iyo nzira itoroshe yo muri Meditarane.

Ikigo ca ONU cita ku mpunzi hamwe n’amashirahamwe aharanira agateka ka muntu yamye anegura uburyo abo bimukira bafungirwa mu bigo muri Libiya, bagakubitwa, bagafatwa ku nguvu hamwe no gukorerwa ayandi mabi yo kuborezwa igufa. (AP)