USA Yafashishije Nijeriya Incanco za Covid-19 Zirenga Imiriyoni 3.5

Abanyagihugu Baterwa urucanco rwa COVID-19

Reta zunze ubumwe za Amerika yarungitse muri Nijeriya doze zibiri z’incanco za Covid-19 zirenga imiriyoni 3 n’ibihumbi 500 z’ihinguriro Pfizer. Nijeriya ni igihugu ca mbere muri Afrika kibamwo abantu benshi. Umutegetsi wo muri perezidanse ya Amerika, White House yabivuze kuri uyu wa kabiri.

Uwo mutegetsi yavuze ko ibi bikozwe mu ntumbero yo kurokora ubuzima bw’abantu, atari ukwiyamamaza mu ntumbero yo kwemerwa kw’isi.

Perezidanse ya Amerika ivuga ko izi doze 3.577.860, zatanguye kurungikwa muri Nijeriya kuri uyu wa kabiri. Zikurikiye iyindi mpano igizwe na doze zibiri za Moderna zingana imiriyoni zine zarungitswe muri ico gihugu biciye mu mugambi COVAX, wishinze kugabanganya incanco mu bihugu bitarisununura mu butunzi.

Nijeriya imaze gutangaza ko imaze gutakaza ubuzima bw’abantu hafi 2.747 mu bantu barenga 208.000 uwo mugera umaze kwandukira, nkuko ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, ribivuga.

Ariko naho biri uko, abategetsi muvy’amagara y’abantu muri Afrika no mu makungu baragaragaje amakenga yabo y’uko umugabane wa Afrika ititaweho cane ku bijanye n’umugera wa corona haba mu kuwupima canke gutanga amakuru akwiye kuri wo.