Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryavuze ko ryipfuza gukorana na ONU mu gufasha Somaliya mu twigoro twayo two kurwanya imihari yitwaje ibirwanisho y’intagondwa no gushika ku mahoro arama muri ico gihugu.
Mw’itangazo ryashikirijwe kuri uyu wa mbere, akanama k’ubumwe bwa Afrika kajejwe amahoro n’umutekano kavuze ko gashigikiye ivyasabwe n’umurwi wigenga wabonye ko AMISOM yosubirirwa n’inteko za ONU zifatanije n’iz’ubumwe bwa Afrika inyuma y’uyu mwaka.
Kuva mu 2007, inteko za Afrika zishinzwe kubungabunga amahoro, zarafashije inteko za reta ya Somaliya mu rugambwa ryo kugarukana ituze muri ico gihugu co mw’ihembe rya Afrika gihanzwe na al-Shabab.
Uwo mugambi wipfuzwa n’ubumwe bwa Afrika utegekanywa gutangura kuja mu ngiro mu kwezi kwa mbere. Ubwirizwa kandi kubanza kwemezwa n’akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kw’isi hamwe na reta ya Somaliya.
Hasigaye ko Ubumwe bwa Afrika, ONU hamwe na reta ya Somaliya vyumvikana ku ntumbero uwo murwi mushasha uzohabwa, igitigiri c’abazoba muri izo nteko hamwe n’ibihugu bizowujamwo.
Gushika ubu, umurwi wa AMISOM ugizwe n’inteko ziva mu bihugu bitanu, birimwo, Etiyopiya, Uganda, Burundi, Kenya na Djibouti. (VOA)