Urubuga rwa Facebook Rwasubiye Gukora

Urubuga ngurukana bumenyi Facebook rwasubiye gukora inyuma y’aho amamiliyoni y’abantu barukoresha kw’isi yose kuri uyu wa mbere batashoboye kurukoresha. Izindi zikorana na yo nka WhatsApp na Instagram na zo nyene zongeye gukora.

Abakoresha Facebook bavuze kuri uyu wa mbere ku mugoroba ko batanguye kurukoresha inyuma y’aho ruhagarariye gukora hafi amasaha atandatu.

Ikompanyi Facebook ubwayo nayo nyene yemeye ko yasubiye ku murongo wa interineti. Abategetsi ba Facebook ntibaravuga icateye ico kibazo.

Ico kibazo catanguye kwumvikana ahagana sa kumi n'imwe n'igice mu Rwanda no mu Burundi.

Imbere y’aho, ikimenyeshamakuru candikira muri Reta zunze ubumwe za Amerika, The Wall Street Journal canditse kivuga ko ikompanyi Facebook izi inkurikizi mbi z’ivyashikiye urubuga rwayo ariko ata kiboneka yakoze kugira ibihagarike. Televiziyo CBS nayo nyene ku musi w’Imana yarashikirije ikiganiro yagiranye n’uwatanguye kugabisha kuri ico kibazo, Frances Haugen, ahi yashikirije umubabaro wiwe ku vyashikiye urwo rubuga.

Vyitezwe ko Haugen azobazwa ivyo azi kuri ico kibazo na Sena ya Amerika kuri uyu wa kabiri.

Facebook ivuga ko ivyo vyagiriji bigamije kujuragiza abantu. (AP)