Abakozi 7 ba ONU bagirijwe Kwivanga mu Bibazo vya Etiyopiya

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres amenyesha ko yaguye mu gahundwe yumvise inkuru yerekeye iyirukanrwa muri Etiyopiya ry’abategetsi bakomeye b’iryo shirahamwe.

Reta ya Etiyopiya yirukanye abategetsi bakomeye 7 b’ishirahamwe ONU nkuko vyatangajwe n’umuvugizi w’iryo shirahamwe, Stephanie Tremblay mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku musi wa kane.

Abo bakozi birukanywe mu gihe Etiyopiya ihanganye n’ikibazo gikomeye c’inzara mu ntara ya Tigreya yasinzikajwe n’ingwano.

Reta ya Etiyopiya yirukanye abo bategtetsi mu kubagiriza ko bivanga mu bibazo vyayo. Yabahaye amasaha 72 kugira babe bavuye mu gihugu.

Umunyambanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres amenyesha ko ishirahamwe ayoboye ryariko riha imfashanyo zikenewe cane, zirimwo ibifungurwa, imiti, amazi n’ibindi bijanye n’isuku abanyagihugu bazikeneye cane muri Etiyopiya.

Yemenyesheje ko afitiye icizere abakozi ba ONU bari muri Etiyopiya aho bariko barangura igikorwa cabo. Yavuze ko ishirahamwe ayoboye rizobandanya ibikorwa vyaryo.

Yatangaje ko bariko baravugana n’abategetsi ba Reta ya Etiyopiya mu mwizero ko ishirahamwe ONU rizorekurirwa kubandanya igikorwa gihambaye caryo mu gihugu.

Reta zunze ubumwe za Amerika ziyamirije ingingo ya Etiyopiya y’ukwirukana abakozi 7 ba ONU. Zimenyesha ko zitazogonanwa ku vyerekeye gufatira ibihano abo bose bazibira utwigoro tw’abagiraneza mu gihugu.

Iyo nkuru yatangajwe ku musi wa kane n’umuvugizi w’ibiro vya Prezida, Jen Psaki. (AFP)