Abantu icenda, bagizwe ahanini n’abajejwe umutekano ba Somaliya, bishwe mu gitero gikekwa kuba ibombe y’umwiyahuzi, ku murwa mkuru Mogadishu kuri uyu wa kabiri.
Igiporisi cavuze ko ico gitero cabereye hafi y’ibariyeri ikunda kuba iriko abajejwe umutekano. Igiporisi kivuga kandi ko amatohoza aza yatanguye ariko ngo gushika ubu biragaragara ko ari umwuyahuzi yakoze ico gitero. Abajejwe umutekano batandatu bapfuye hamwe n’abasivile batatu, abandi 11 barakomereka.
Umuhari w’iterabwoba Al-Shabaab ushamikiye kuri Al-Qaeda wamaze kwiyitirira ico gitero. Mu kwezi guheze, uwo muhari nyene waremanze igitero ca bombe cahitanye babiri abandi batanu barakomereka, ku murwa mukuru Mogadishu.
Uwo muhari w’iterabwoba wagenzuye Mogadishu gushika mu 2011 imbere yo kwirukanwa n’inteko z’ubumwe bwa Afrika. Ariko uracafise uturere ukigenzura hagati mu gihugu kandi ukunze kugaba ibitero ku nteko za reta no ku basivile i Mogadishu n’ahandi mu gihugu. (AFP)