Perezida wa Afrika y’epfo, Cyril Ramaphosa, kuri uyu w’Imana yatangaje umugambi wo gushiraho pasiporo ya Covid-19, mu gihe abagikekeranya ku kwiteza urucanco babandanya biyongera. Ni imbere yuko muri iyi ndwi itanguye, reta itegekanya gushiraho ingingo zitezura izafashwe zabuza uruja n’uruza rw’abantu, mu ntumbero yo kugabanya abandura.
Inyuma y’aho bigaragariye ko abagabo batariko barahurumbira cane mu kugura incanco muri Afrika y’epfo, hamwe n’ikena ryazo, vyatumye reta igira amakenga ko ico kiza gishobora kwongera kurandagata.
Mw’ijambo yashikirije abanyafrika y’epfo kuri televiziyo, Perezida Ramaphosa yavuze ko gucandaga abantu ari rwo rufunguruzo rwonyene rwo kwongera kwugurura ubutunzi no gukinga ko hari ubundi bwoko bwa Covid-19 bugira kane butera.
Abantu barenga imiriyoni indwi ni bo bamaze gucandagwa muri Afrika y’Epfo gushika ubu, barimwo ica kane c’abakuze bamaze kuronswa doze imwe. Ico gihugu cihaye kuzoba cacandaze imiriyoni 40, bibiri vya bitatu vy’abanyagihugu, gushika mu kwezi kwa gatatu umwaka uza.
Abategetsi bamaze gutororokanya abantu barenga imiriyoni 2 n’ibihumbi 800 banduye uwo mugera, muri bo abashika 84.877 warabahitanye. (AFP)