Abashikirizamanza b'igihugu ca Uganda bagirije abashingamateka 2 bacuditse n'umunyapolitike atavuga rumwe na reta, Bobi Wine, ku bijanye n'igandagurwa ry'abantu 3.
Ni inyuma y’ubwicanyi butarasobanuka bwabaye mu gihugu bwateye impungenge zikomeye abanyagihugu.
Umugambwe utavuga rumwe na reta wa Bobi Wine, National Unity Platform, NUP, mu mpfunyapfunyo wiyamirije ikwirikiranwa ry’abo bashingamateka babiri. Muhammad Ssegirinya na Allan Ssewanyana, bompi abanywanyi b’umugambwe NUP. Uwo mugambwe uvuga ko ari akigoro gafatiye kuri politike n’abategetsi k’ugucafuza uwo mugambwe.
Igihe baseruka muri sentare mu gisagara ca Masaka, mu gice co hagati muri Uganda, mu bumanuko bw’umurwa mukuru Kampala, abo bashingamateka 2 bagirijwe ubwoko bw’ivyaha vy’ubwicanyi butatu, baca batabwa mu mvuto. Vyatangajwe na Joel Ssenyonyi, umushingamateka w’umugambwe, NUP, nkabo, akongera akaba n’umuvugizi w’uwo mugambwe.
Inzego zijejwe umutekano ziriko zitohoza ubwicanyi butarasobanuka bwahitanye abantu batari musi ya 26 mu gice kiri mu micungararo y’igisagara ca Masaka mu ndwi za vuba. Ivyerekeye ubwo bwicanyi vyaravuzwe cane mw’itangazamakuru. Abantu bitwaje imipanga bavurwa ko bashika ku nzu z’abantu mu gicugu bakabica. Benshi mu bishwe bari abantu bageze mu za bukuru.
Ibice aho ubwo bwicanyi bwabereye vyatoye ku bwinshi prezida ahari muri iki gihe, Yoweri Museveni, mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye mu kwezi kwa mbere kw’uyu mwaka.
Igipolisi catangaje ku musi wa mbere ko cahagaritse abantu 23 bikekwa muri ubwo bwicanyi. Hiyongeyeko abo bashingamateka 2 bo mu mugambwe utavuga rumwe na reta, NUP. Kimenyesha ko impamvu y’abakoze ubwo bwicanyi kwari gukora ibitero ku bantu bageze mu zabukuru batoye Prezida Museveni.
Yamara umuvugizi w’umugambwe NUP, Joel Ssenyonyi, avuga ko ari itotezwa rifatiye kuri politike. Amenyesha ko ari umugambi w’abategetsi w’ukwagiriza abatavuga rumwe na reta muri ubwo bwicanyi kandi bazi abicanyi b’ukuri. (Reuters).