Saadi Kadhafi, umuhungu wa Moamar Kadafi yahoze atwara Libiya, yabohowe. Reta mfatakibanza ya Libiya yabivuze kuri uyu wa mbere.
Saadi, ubu afise imyaka 47, ni umuhungu wa gatatu wa Kadafi, yarekuwe inyuma y’ingingo sentare yafashe haraheze imyaka itari mike.
Ibimenyeshamakuru bitari bike vyavuze ko aza yamaze gufata indege aja muri Turukiya. Ariko umushikiranganji w’imigenderanire n’amakungu wa Turukiya, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, ko ata makuru afise y’uko Kadafi yashitse Istanbul.
Ubutegetsi bwa Libiya bwatangaje kandi kuri uyu wa mbere ko harekuwe n’izindi mbohe, zirimwo uwahoze ajejwe iperereza ku ntwaro ya Kadafi, Ahmad Ramadan. Uwo yatazirwa “Agasandugu Kirabura” kuko ari we ngo yabika amabanga akomeye ya Kadafi.
Umugwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Libiya, (UNSMIL), wavuze ko iri bohorwa ry’abo bahoze mu ntwaro ya Kadafi ari intambwe ishobora gushikana igihugu ku bwiyunge.
Saadi yahungiye muri Nijeri inyuma y’igitero c’ingabo za OTAN cishe se mu 2011, ariko yaruhiye kurungikwa muri Libiya mu 2014. Yari afungiwe mw’ibohero i Tripoli, yagirizwa ivyaha yakoze mu kuburizamwo imyiyerekano hamwe no kwica umumenyereza w’umupira w’amaguru, Bashir al-Rayani mu 2005. (AFP)