USA Yemeza ko Kuva muri Afuganistani Ari Itariki ya 31 y'Ukwa Munani

Prezida Joe Biden yabwiye bagenzi we bo mu murwi G7 kuri uyu wa kabiri ko Reta Zunze ubumwe za Amerika yari mu nzira nziza yo kuva muri Afuganistani kw’itariki ya 31 y’ukwezi kw’umunani. Ariko yongeyeko ko hariko harihwezwa imigambi yihuta yokorwa mu gihe ico kiringo kitokwubahirizwa.

Ibiro vya prezida, “White House”, vyavuze ko Prezida Biden kandi yabwiye uwo murwi w’abategetsi indwi ko kuvana abasirikare bose ba Amerika muri Afuganistani mu mpera z’uku kwezi bizovana n’uko Abatalibani bazofasha mu guha inzira abahunga baciye ku kibuga c’indege c’i Kabul.

Abategetsi muri Amerika bavuze ko Amerika imaze gukura muri Afuganistani abantu hafi 58 000, barimwo Abanyamerika barenga 4 000 kuva kw’itariki ya 14 y’ukwezi kw’umunani, umusi w’imbere y’uko Abatalibani binjira i Kabul bagafata ubutegetsi. Ibindi bihumbi vy’abantu bakuweyo n’ibihugu vya Buraya bicuditse na Amerika, nk’Ubudagi hamwe n’Ubwongereza.

Abatalibani basavye incabwenge kudahunga igihugu cabo kuri uyu wa kabiri, bongera bagabisha Amerika n’incuti zayo zihurikiye muri OTAN ko batazobemerera kurenza ikiringo co gutahukana abantu. (AFP)