Hissene Habre yahoze ari prezida w'igihugu ca Chad, yari yagiriwe n'ivyaha vyo mu ntambara, yitavye Imana mu gihugu ca Senegal. Yitavye Imana uno musi ku wa kabiri afise imyaka 79 nk’uko bitangazwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ubutungane bwa Senegal.
Yarongoye Chad kuva mu mwaka w’i 1982 gushika mu mwaka w’i 1990 inyuma y’uko atembagaje uwo yasubiriye, Goukouni Oueddei. Abantu ibihumbi n’ibihumbi barishwe, baraborezwa igufa, abandi barafatwa ku nguvu ku ntwaro yiwe yarangiye igihe yatembagazwa mu mwaka w’i 1990.
Yakitswe n’amagara ari mu munyororo haheze indwi imwe. Yajanywe mu bitaro ku murwa mukuru wa Senegal, Dakar imbere y’uko yimurirwa mu bitaro bikuru, aho yasandabiye uno musi ku wa kabiri. Ingwara yamuhitanye gushika ubu, ntiratangazwa.
Inyuma y’urubanza rukomeye rwabereye muri Senegal mu mwaka w’i 2016, aho yari yahungiye inyuma y’uko akuriwe ku butegetsi, Habre yakatiwe igihano c’ugupfungwa ubuzima bwiwe bwose ku vyaha vyamwagiye vy’ugufata abakenyezi ku nguvu hamwe n’ukuba yetegetse kwica n’ukuboreza igufa abanyapolitike batavuga rumwe na reta ibihumbi n’ibihumbi.
Hissene Habre azomenyekana mu mateka nk’umwe mu bategetsi batwaje agahotoro kurusha abandi, umuntu yagandaguye abanyagihugu biwe, yazimanganije ibisagara bizima, yarungikiye inteko ziwe abapfasoni kugira bafatwe ku nguvu, yongera aboreza igufa abamurwanya.