Ikiganiro Murisanga kuri Kahise, Kubu na Kazoza ka Afuganistani
Your browser doesn’t support HTML5
Abatalibani batangaza ko bari mu myiteguro yo gushinga Reta nshasha ya Afuganistani. Basubiranye ubutegetsi inyuma y'imyaka 20 bari barabuvuyeko. Ku wa mbere, Amerika ni ho yasozera ibikorwa vyayo vya gisirikare yari imazemwo imyaka 20 muri Afuganistani. Amahirwe yabo yo kugarukana amahoro muri ico gihugu angana gute? Aka kabazo kari mu two mugenzi wacu Diane Nininahazwe yabajije Professeur Pascal Niyonizigiye, umuhinga mu bijanye n'imigenderanire hagati y'ibihugu akaba na mwigisha kuri kaminuza y'Uburundi.