Umugera wa Marburg Watowe ku Muntu wa Mbere muri Gineya

Abategetsi muri Guneya, mu burengero bwa Afrika, bemeje ko habonetse umuntu wa mbere yamenyekanye ko yanduye umugera Marburg, inyuma y’aho uwundi muntu umwe apfiriye ahitanwe n’iyo ngwara igaragazwa n’ubushuye n’ukuvirirana amaraso.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryita ku magara y’abantu OMS ryavuze ko ryatanguye kurondera umuntu wese yoba yarabonanye n’uwo murwayi mu gisagara ca Gueckedou, kiri mu bumanuko bw’igihugu.

Umugera wa Marburg watanguye kugaragara ubwa mbere muri ico gisagara ca Gueckedou nyene ca Guinea. Ninaho kuva mu myaka ya 2014 gushika 2016 hagaragaye umugera wa Ebola wahitanye abantu bashika ku 11 325. Iyo migera uko ari ibiri yandukira iciye mu vyuya canke ubundi bwoko bw’amazi mu mubiri.