Imibonano y’intumwa mvamakungu irategekanijwe muri iyi ndwi itanguye muri Qatar, aho amakungu ariko araremera impande zegwa n’intambara muri Afuganistani gusubira ku meza y’ibiganiro kugira bashike ku masezerano yo gusangira ubutegetsi igihugu kitaramanyukamwo ibice.
Utu twigoro twa kidiporomasiya turiko dukorwa mu gihe Abatalibani bariko baragura uturere ku rubuga rw’intambara naho indege za Reta zunze ubumwe za Amerika zibandanya zifasha inteko za reta ya Afuganistani.
Bikurikiye kandi ukugabisha kwatanzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko intambara muri Afuganistani yinjiye mu bihe bishasha vy’ubwicanyi burenze, no kwisamburirako. Intumwa idasanzwe ya Amerika kuri Afuganistani, Zalmay Khalilzad, hamwe na bagenzi we b’Uburusiya, Ubushinwa na Pakistani, bazobonanira i Doha, ku murwa mukuru wa Qatar ku musi wa gatatu.
Uku gutera intambwe kw’abatalibani kwatumye amakungu abona ko uwo muhari ushingiye kw’idini rya kiyisilamu ushobora kwigarurira ubutegetsi biciye mu ntambara. Mu nama yabahuje mu kwezi kwa kane uyu mwaka, intumwa mvamakungu zavuze ko zidashigikiye ubutegetsi buciye mu nguvu za gisirikare muri Afuganistani. (VOA)