Malawi yarakiriye umuce wa mbere w’incanco za Covid-19 z’ihinguriro ry’imiti ry’abanyamerika, Johnson & Johnson. Ni impano yatanzwe na Reta zunze ubumwe za Amerika, biciye mu mugambi wiswe COVAX, ugamije kugabanganya ku rugero rumwe incanco za COVID-19 kw’isi.
Izo ncanco 302 000 zashitse haheze indwi nkeyi Malawi itangaje ko izotangura gucandaga abenegihugu bayo COVID-19, mu twigoro two kubakingira muri iki gihe abandura biyongera.
Umushikiranganji w’amagara y’abantu, Khumbize Kandodo Chiponda, yavuze ko inkingo z’ihinguriro ry’Abongereza, AstraZeneca zariko zirakoreshwa zaheze.
Izi ncanco Malawi yakiriye ziciye gishikana ku zingana 850 000 zimaze gutangwa mu mugambi wa COVAX.
Umushikiranganji Chiponda yavuze ko kuva ku musi wa gatandatu, Malawi yari imaze gushikana abantu 481 banduye barimwo 29 bapfuye. Nayo kaminuza Johns Hopkins yo muri Amerika, ikurikiranira hafi na hafi abandura n’abicwa n’uwo mugera kw’isi, ivuga ko Malawi ubu imaze kuronka hafi 55 700 barimwo abarenga 1800 bamaze gupfa. (VOA)