Kameruni Yirukanye MSF mu Burengero bw'Igihugu

Ikiranga ishirahamwe MSF

Ishirahamwe ry’abagiraneza ry’abaganga batagira imbibe, Medecins Sans Frontieres, ryavuye mu ntara zo mu burengero bwa Kameruni, inyuma y’amezi umunani reta yararihagarikiye ibikorwa. Abategetsi ba Kameruni baryagiriza gufatanya n’abo mu gice c’igihugu kivuga icongereza bagomba kwiyonkora ku gihugu, ivyagirije MSF ihakana.

Abakora mu mashirahamwe atanga imfashanyo bavuga ko itahuka rya MSF, rimwe mu mashirahamwe yari agisigaye akorera muri ako karere k’intambara, bizosiga ibihumbi vy’abanyagihugu batagira gitabara muvyo amagara yabo.

Umushikiranganji wa Kameruni w’intwaro mu gihugu hagati, Paul Atanga Nji, yatangaje ihagarikwa rya MSF mu kwezi kwa cumi na kabiri 2020, ntiyashimye kugira ico ashikirije.

Ariko mu kwezi kwa gatandatu, umushikiranganji wa Kameruni w’amagara y’abantu yavuze ko hafi ibice 30 kw’ijana vy’ibitaro bitagikora mu ntara y’uburaruko bushira uburengero kubera ibitero vy’abagomba kwiyonkora ku gihugu. Yavuze kandi ko abakozi bo mu gisata c’amagara y’abantu bahungiye mu ntara zivugwamwo igifaransa.

MSF ivuga ko abantu hafi umuriyoni 1 n’ibihumbi 400 bo mu ntara zo mu burengero za Kameruni bakeneye imfashanyo z’abagiraneza, kuko ata mavuriro bagira. (VOA)