Abantu bashika kuri 16 bari baranyurujwe bafatwa bugwati bicishijwe imbugita, inyuma y’indwi banyurujwe mu buseruko bwa Republika ya demokarasi ya Kongo. Igisirikare hamwe n’amakuru atangwa n’ababa muri ako karere bavuga ko ubwo bwicanyi bwegekwa ku bayisilamiste bitwaje inkoho.
Amakuru atangwa n’abasivile avuga ko abo bishwe barimwo abagore babiri, bari bafashwe n’umuhari ADF, uwo Reta zunze ubumwe za Amerika ivuga ko ishamikiye ku muhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu.
Abo bantu biciwe hafi y’ibarabara rikuru hafi y’igisagara ca Idohu, mu ntara ya Ituri, nkuko umutegetsi mu ntwaro yo hasi, Dieudonné Malangai yabivuze.
Reta ya Kongo yashize intara ya Ituri na Kivu yo mu buraruko mu bihe vy’uburongozi bwa gisirikare kuva mu kwezi kwa gatanu, ingingo igamije guhangana no gutuza imirwi yitwaje ibigwanisho.
Ekleziya Katolika yo muri Republika ya demokarasi ya Kongo ivuga ko umuhari w’iterabwoba ADF umaze kwica abasivile hafi 6 000 kuva mu 2013. (AFP)