Inama nshingamateka yatanguye ikiringo cayo kigira kabiri c’uyu mwaka. Umukuru w’Inama nshingamateka yavuze ko Abashingamateka bari bamaze ukwezi kwose hagati mu gihugu kubonana n’abanyagihugu, baganira cane cane ku kibazo c’umutekano muke wasubiye kwibonekeza mu gihugu.
Igice ca kabiri c’ibikorwa vy’inama nshingamateka catangujwe kuri uyu wa mbere kizomara amezi 4.
Abashingamateka bari bamaze ukwezi mu kiruhuko. Muri ico kiringo, ni ho bafata umwanya wo kwegera abanyagihugu babatoye kugira babatume iryo bagona maze abatowe babifatireko mu gutora amategeko.
Aha, umukuru w’Inama nshingamateka Gelase Daniel Ndabirabe yibukije ko bagendeye intara 11 kuri 18 zigize igihugu.
Aho baciye hose, bashimikira ku kibazo c’umutekano n’ukwitandukanya n’abagizi ba nabi nk’uko Gelase Daniel Ndabirabe yabivuze mu ngoro y’amakoraniro mu kigobe.
Umukuru w’Inama nshingamateka yasiguye ko icatumye bashimikira ku mutekano ari uko hamaze iminsi hibonetekeza ibitero mu gihugu bigahitana abanyagihugu b’inzirakarengane.
Avuga ko abanyagihugu ari bo babwirizwa kurikanura kugira barwanye umwansi. Kubwiwe, abagizi ba nabi badafise ababafasha mu kibano nta mutekano bohungabanya.
Mu kiringo c’ibikorwa batanguye kuri uyu wa mbere, biyemeje gutora amategeko atandukanye arenga 15. Harimwo gusubiramwo itegeko rigenga igipolisi, gutoza amakori n’amatagisi n’ibindi.