OIM: Abimukira 57 Bazamye mu Mazi ya Libiya Berekeza mu Burayi

Abimukira bashika kuri 57 baburiwe irengero kuri uyu wa mbere, inyuma y’aho ubwato barimwo bwibiriye bugeze ku nkengera za Libiya. Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi n’abimukira, OIM, ryabitangaje kuri uyu wa mbere.

OIM yavuze ko ubwo bwato bwibiye bugeze ku kivuko ca Khoms muri Libiya, ku birometero 120 mu buseruko bw’umurwa mukuru Tripoli. Libiya iri ku rwinjiriro abimukira bacamwo bagana ku mugabane wa Buraya.

Icatumye ubwo bwato bwibira nticashotse kimenyekana, ariko ubwato bwanduruka buva mu buraruko bwa Afrika bwerekeza mu Buraya bukunze kuba bwikorera abantu benshi, kandi bukagira ingendo mw’ijoro kugira bwinyegeze abajejwe gucungera imbibe mu mazi.

Abarokotse bavuze ko abakenyezi 20 n’abana babiri bari mu bahasize ubuzima, nkuko OIM yabivuze. Igisata ca ONU cita ku mpunzi, HCR cavuze ko abasirikare ba Libiya barokoye abantu barenga 13 000 mu gice ca mbere c’uyu mwaka, abarenze abatabawe mu 2020 nk'aya mango. (AFP)