Iyo myuzure yatewe n’imvura nyinshi yaguye mu karere ko amu burengero bw’Ubulaya. Mu gihe amazi y’imyuzure yatanguye kugabanuka, abantu baratanguye gusuzuma ivyasigaye ku mazu yabo no mu bice babamwo.
Ibice vyo mu burengero n’ubumanuko bw’igisagara ca Bonn kiri mu burengero bw’Ubudagi biri mu vyasinzikaye kurusha ibindi. Inzuzi zararengeye inkombe, amazi ahitana amazu, amabarabara, ibiraro n’inzira za gali ya moshi amu myuzure itari bwibonekeze mu kiringo c’imyaka itari mike.
Inteko z’igihugu c’Ubudagi zaratumweko kugira zifasahe mu bikorwa vy’ugutabara vyagaramziwe n’amabarabara atarengana hamwe n’ukubura kw’umuyagankuba.
Indege za kajugujugu n’ubwato bw’imipira vyarakoreshejwe kugira abajejwe gutabara bashsike mu ntara zazibiwe n’imyuzure.
Amasanamu ya videwo ya bimwe mu bice vyasinzikaye kurusha ibindi yerekanye amazu yatwawe n’amazi, imihana yasambutse.
Abategesti bo mu ntara ya North Rhine-Westphalia, iri mu burengero bw’Ubudagi bagendeye iyo ntara ku musi wa kane babwiye abamenyeshamakuru ko batazi neza igitigiri c’abahasize ubuzima muri ico gice. Yavuze ko imvura nyinshi cane yateye iyo myuzure yatewe n’ihindagurika ry’ibihe. Bakaba bemeye gufasha abasinzikajwe n’iyo myuzure. (AP, Reuters & AFP )