Yafashe iyo ngingo kugira yiteho ikibazo co mu muryango wiwe nkuko vyatangajwe uno musi ku wa kabiri n’umuvugizi w’ishirahamwe UNICEF.
Fore, yigeze kuyobora ikigo ca Amerika kijejwe iterambere mu makungu, USAID, yagenywe n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU, Antonio Guterres kurongora ishirahamwe UNICEF mu mwaka w’i 2018, azoguma mu mabanga yiwe gushika uwuzomusubirira abonetse.
Kuva rishinzwe mu mwaka w’i 1946, ishirahamwe UNICEF ryaronse abayobozi 7, bose abanyamerika.
Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres yarashimiye Fore ku buyobozi biwe bwiza n’ukuba yatumye ubuzima bw’abana bwisununura kurushiriza mu bice bitandukanye vyo kw’isi. Yatanze akarorero k’uruhara UNICEF yagize mu rugamba rw’ukurwanya ikiza ca Covid-19.
Umuvugizi w’ishirahamwe ONU, Farhan Haq avuga ko ku buyobozi bwa Hanrietta Fore, UNICEF muri iki gihe ari ishirahamwe rikorana n’amashirahamwe atari make yaba aya reta canke ayikorera ku giti cayo ku vyerekeye gushikira iterambere rirama. (Reuters)