Ibitigiri vy'Abapfuye Biriyongera Ahasenyutse Igorofa muri Florida

Abatabara basubiye kurondera abahambwe n'ibisigarira vy'igorofa yasenyutse i Surfside, muri Florida, kw'itariki ya 5/07/2021.

Muri Reta zunze ubumwe za Amerika, abatabara batoye ibindi biziga bitatu mu bibomoke vy’igorofa yasidutse mu bumanuko bwa reta ya Florida. Ibi bica bishikana ku gitigiri c’abantu 27 bamaze kumenyekana ko bapfuye, ariko abandi 118 ntibazwi irengero.

Umukuru w’igisagara ca Miami-Dade, Daniella Levine Cava, abandanya avuga ko agifise icizere ko hashobora gutorwa abagihema n’aho haheze imisi 12 iryo sanganya ribaye. Urundi ruhande rw’iyo gorofa rwari rugisigaye ruhagaze rwasambuwe ku musi w’Imana, mu gutinya ko rwari kuzohava ruhitana abandi bantu.

Levine Cava yavuze ko ivyo bikorwa vyagenze neza nkuko vyari vyateguwe kandi abakora igikorwa co kurondera abantu bari barabihagaritse ku musi wa gatandatu, bongeye kubandanya.

Iyo nyubakwa yo kubamwo, y’amazu 12 agerekeranye mu gisagara ca Surfside, mu buraruko bwa Miami muri reta ya Florida, yasenyutse mu gaturuturu ko kw’itariki ya 24 y’ukwezi kwa gatandatu. (VOA)