Ishirahamwe rya Buraya ryashizeho ubuhinga bwa terefone ngendanwa bw’icemeza ku banyagihugu bo mu bihugu vy’uyo muryango bacandazwe Covid-19. Iyo seritifika izotuma ukwunguruza abantu n'ibindi vyoroha kubicandagishije incanco zose zisabwa.
Ubu buhinga bwa terefone bwiyongereye ku yindi seritifika y’urupapuro uwo muryango uza waramaze gusohora kandi bizotuma ata wicandagishije afise ivyemeza azosubira gukumirwa mu kibazna ca wenyene.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru i Buruseli, umuvugizi wa Komisiyo y’ubumwe bwa Buraya, Christian Wigand, yavuze ko ibihugu 26 vyo muri uyo muryango vyatanguye gutanga izo seretifika kuva kuri uyu wa kane. Abanyagihugu barenga imiriyoni 200 baramaze kuzironswa. (AP, Reuters)