Ibihugu 193 bigize inama ya bose ya ONU ntivyashoboye kwumvikana ku mafaranga akoreshwa mu bikorwa vy’iryo shirahamwe vyo kubungabunga amahoro kw’isi, amafaranga y’umwaka utangurana n’itariki ya 1 y’ukwezi kw’indwi. Ibi bishobora kuzohagarika ibikorwa vyose, igihe hatoboneka umwumvikano vuba, nkuko abadiplomate babivuze kuri uyu wa mbere.
Amakuru ava muri ONU avuga ko ibikorwa vyahagaritswe n’Ubushinwa hamwe n’Ibihugu vya Afrika vyashikirije ivyo bisaba ku munota wa nyuma.
Amafaranga akoreshwa buri mwaka mu bikorwa vya ONU vyo kubungabunga umutekano angana imiriyaridi 6 n'imiriyoni 500 z'amadolari, kandi ikoreshwa ryayo ritangurana n’itariki ya 1 y’ukwezi kw’indwi, ku musi wa kane.
Abajijwe n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, kuri uko kutumvikana kwemeza ayo mafaranga, umuvugizi wa ONU, Stephane Dujarric yavuze ko imirwi ya ONU iri mu kubungabunga amahoro yamenyeshejwe uko vyifashe, kandi basabwe kwiyubara kuko ibikorwa bizohungabana.
AFP