Amerika Yateye Abarwanyi Bafashwa na Irani muri Iraki na Siriya

Ikarata yerekana Iraki na Siriya

Reta zunze ubumwe za Amerika yagavye ibindi bitero vy’indege kuri uyu w’Imana ku barwanyi bafashwe mu mugongo na Irani, bari muri Iraki na Siriya. Vyakozwe mu kwihora ibitero abo barwanyi bakoze ku bakozi ba Amerika n’ibigo vyayo muri Iraki bakoresheje indege za drone ziguruka zitagira umudereva, nkuko abategetsi ba gisirikare babivuze.

Igisirikare ca Amerika cavuze ko ahatewe harimwo ububiko bw’ibirwanisho mu bice bibiri kimwe muri Siriya ikindi muri Iraki. Ariko ico gisirikare nticatomoye nimba hari abapfuye canke abakomeretse.

Ibi bitero vyategetswe na Perezida Joe Biden. bugize kabiri ategeka ibitero ku mihari ifashwa na Irani kuva agiye ku butegetsi, haraheze amezi atanu. Mu kwezi kwa kabiri niho yaheruka gutegeka ibitero vy’indege muri Siriya, yihora amaroketi yatewe ahari inyungu za Amerika muri Iraki.

Reuters