Inyuma y’urupfu rw’amasinzi y’abantu yatumye haca haba impinduka muri poritike y’incanco mu Buhindi, ico gihugu catangaje ko cacandaze abantu imiriyoni 7.5 Covid-19 kuri uyu wa mbere wonyene. Ni wo munsi wa mbere hacandagwa abantu benshi bangana uko.
Abaheruka gucandarwa ari benshi ku munsi bari imiriyoni 4.5 kw’itariki ya 4 y’ukwezi kwa kane.
Isekeza ryo gucandaga abantu ku bwinshi rikurikiye impinduka zatangajwe n’umushikiranganji wa mbere, Narendra Modi, mu ntango z’uku kwezi, aho yavuze ko reta izogura ibice 75 vy’incanco no kuzikwirakwiza mu mareta ku buntu.
Ubuhindi buvuga ko butumbereye kuzoba bwacandaze amamiliyoni 950 y’abantu mu kwezi kwa cumi na kabiri, ariko abahinga bavuga ko kugira ivyo bishoboke, bizosaba ko hacandagwa abantu imiriyoni 10 buri munsi. Abantu bakuze bari munsi y’ibice bitanu kw’ijana baramaze gucandarwa, nkuko itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika, Reuters ryabivuze.
Ubuhindi buriko bukoresha incanco za AstraZeneca n’iza Covaxin bwihingurira.
Igihe handura abantu ku bwinshi mu kwezi kwa gatanu, abantu 400 000 bashasha ni bo bandura buri munsi barimwo 170 000 bapfuye hagati y’amezi ya kane na gatanu.
VOA