Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, ryavuze kuri uyu wa mbere ko mu gihe ibitigiri vy’abantu bashasha bandura Covid-19 bimaze indwi indwi zikurikiranya bigabanuka, uwo mugera ukibandanya ukwirakwira no kwica abantu muri Afrika, akarere katagira incanco zikwiye n’imiti.
Ari ku cicaro ca OMS i Geneve, umuyobozi mukuru, Tedros Adhanom Ghebreyesus yavuze ko bashasha bandura bagabanutse ku rwego rw’isi.
Tedros yavuze ko icigwa casohowe n’ikimenyeshamakuru co mu Bwongereza kigira ubushakashatsi muvy’ubuganga, The Lancet, cerekanye ko Afrika ari yo igeze kuronka abantu benshi bapfa bahitanywe na COVID-19, naho ifise abantu bake bandura ugereranije n’izindi ntara z’isi.
Umuyobozi wa OMS yashikirije ko ashimira abakuru b’igihugu vyo mu mugwi G-7 vyemeye kuzofashisha imiriyoni 870 z’incanco biciye mu mugambi, COVAX washizweho kugira ufashe ibihugu bikenye kuronka incanco.